Malariya isanzwe ivurwa ku buntu mu gihugu cose. Bivugwa na muganga Pierre Sinarinzi, arongoye umugambi w’igihugu wo kurwanya Malariya, PNILP. Hari mu ruganda rwari rwatunganijwe n’ico kigo mu ntumbero yo gusigurira abamenyeshamakuru ingene bofasha mu rugamba rwo kurwanya Malariya. Mu minsi iza leta ngo iriko itegekanya gutanguza urucanco rukinga Malariya mu Burundi.
Amakuru
28 juin 2023
