Amakuru
24 juin 2023

Abanyuruje ubutare bw’Uburundi, ikibanza cabo kiri mu mabohero

Inama nshingamateka yaratoye ku munsi wa mbere igenekerezo rya 19 Ruheshi integuro y’itegeko risubiramwo itegeko rigenga ubutare mu Burundi. Ibrahim Uwizeye, umushikiranganji w’Ubutare n’agataka, yari yaje gusigura iyo mpinyanyuro nshasha, yaremeje ko mu myaka iheze hari amashirahamwe yakorera mu gisata co gucukura ubutare yivye ubutare buharurwa mu matoni amajana, kandi ko ayo mashirahamwe yaciye ahagarikwa. Ibrahim Uwizeye yarongeye aramenyesha ko ayo mashirahamwe kugira asubire kwemererwa gukora azobanza gusubiza ubutare bwibwe. Imvugo itangaza Frédéric Bamvuginyumvira. Ku bw’uyo arongoye urunani CFOR-Arusha, leta ntiyategerezwa kuganira na gato n’abasahuye itunga ry’igihugu kuko ikibanza cabo kiri mw’ibohero.