Amakuru
9 juin 2023

Petero Nkurunziza azokwibukwa nk’umuntu yataye igihugu mu manga kubera gukunda ubutegetsi

Ukwigungira ku butegetsi ahonyanze amategeko ni co umugambwe MSD wibukirako Nkurunziza. Bivugwa n’umuvugizi w’umugambwe MSD kuri uyu wa 8 Ruheshi aho hibukwa imyaka 3 Petero Nkurunziza yahora arongoye Uburundi apfuye. Uwo mugambwe ugasaba abatwara uno munsi gukura icigwa mu vyashikiye Nkurunziza maze bakosore ibintu vyose vyononywe n’ubutegetsi bwiwe.