Amakuru
7 juin 2023

Kiretse ari inama yo gukuraho icuka kibi kihari, ibikorwa vy’umugambwe CNL birahagaritswe

Ingingo zose zafashwe mu makoraniro abiri ya nyuma y’umugambwe CNL, zarafuswe n’umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu n’umutekano. Ivyo biri mw’ikete ryo ku wa 02 Ruheshi 2023 uwo mushikiranganji yandikiye umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa, amumenyesha ko ayo makoraniro abiri yabaye hahonyanzwe amategeko y’igihugu hamwe n’amategeko agenga uwo mugambwe. Martin Niterese akavuga ko iyo ngingo yayifashe kugira ntihahave haduka ugushamirana hagati y’abanyamugambwe.