Amakuru
6 février 2021

Ubutegetsi buhayagiza ubumwe bw’abarundi mu gihe ibikorwa vyabwo vyerekana igihushane

Ubutegetsi buhayagiza ubumwe bw’abarundi mu gihe ibikorwa vyabwo vyerekana igihushane. Ivyo bidomwako urutoke n’ishirahamwe FOCODE ryasohoye urwandiko kuri rino genekerezo rya 5 Ruhuhuma. Pacifique Nininahazwe, arongoye FOCODE, atanga uturorero tumwe tumwe nk’ihonyangwa ridasanzwe ry’agateka ka zina muntu na rusansuma bifatiye ku moko.