Amakuru
19 avril 2023

Ntihagire abashaka guteranya, umugambwe CNL wipfuza ko Abarundi babana mu mahoro n’umutekano

Umugambwe CNL uriyamiriza abariko barawukwegera mu ngorane mu guhanahana uruvyino rwo ku w’Imana uheze mu ntara ya Gitega igihe uwo mugambwe wari wagiriyeyo inama, kandi babona ko urwo ruvyino rur mwo amajambo ashobora kutaryohera bamwe bamwe. Agathon Rwasa, arongoye uwo mugambwe, amenyesha ko umugambwe arongoye ushira imbere amajambo anywanisha kandi aremesha. Agahamagarira abanywanyi biwe kuza barisunga ako karangamutima k’umugambwe igihe cose baba bariko baratunganya ibirori ivyo ari vyo vyose.