Amakuru
4 février 2021

Kubona ibiganiro hagati ya Leta y’UburundI n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya vyatanguye, ni vyiza

Kubona ibiganiro hagati ya Leta y’Uburundi n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya vyatanguye ni vyiza, kuko hamwe gufashanya bisubiriye, bigirira akamaro abanyagihugu. Bivugwa n’urunani CFOR-Arusha. Emmanuel Ndereyimana, umuvugizi w’urwo runani, yipfuza ariko ko muri ivyo biganiro, ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buruya ryokwerekana ibintu vyose Leta y’Uburundi yahonyanze kugira rifate ibihano. Murivyo, hakaba harimwo guhonyanga agateka ka zina muntu be no kutagendera ibiranga intwaro rusangi, Leta nayo ikemera ikikubita agashi ikubahiriza ivyo isabwa.