Nta bukene burangwa mu gihugu c’Uburundi, nta munyagihugu akwiye kwidoga ngo ntaronka amadolari 400 ku mwaka. Vyashikirijwe na Varisito Ndayishimiye, umukuru w’Igihugu, hari ku wa gatandatu igenekerezo rya 15 Ndamukiza muri komine Mishiha, mu ntara ya Cankuzo. Amajambo nk’ayo aranegurwa n’abanyepolitike, babona ko umukuru w’Igihugu ashikiriza amajambo ataberanye n’ikibanza ciwe. Frédéric Bamvuginyumvira akamuhanura kuza arabaza abahanuzi biwe kugira ntabandanye atesha agaciro ikibanza arimwo.
Amakuru
19 avril 2023