Amakuru
17 avril 2023

Icipfuzo c’uwurongoye CNDD-FDD c’uko CNL ifudika comuhindukirira abo bari kumwe bakamuhinduka

Nta wuzofuta CNL. Ivyo ni vyo Agathon Rwasa yabwiye abanywanyi b’umugambwe wiwe. Aho yavuze ko ico cipfuzo c’uwurongoye CNDD-FDD kitazokwigera kija mu ngiro. Agathon Rwasa yabishikirije ejo i Gitega hariko habera inama y’umugambwe CNL. Akaba yaraneguye imvugo y’umunyamabanga mukuru w’umugambwe uri ku butegetsi, harimwo ivyo kwigamba kubona hari Abarundi bahunze.