Amakuru
11 avril 2023

Abategetsi bakwiye gucungera ibiciro kugira abanyagihugu ntibasinzikazwe n’ifaranga ryataye agaciro

Intwaro mbi yo gutunganya nabi ivy’igihugu ni yo ituma haba ubukene mu Burundi iruhande y’ibindi bituma bihurirwako n’ibihugu vyinshi. Bivugwa na Keffa Nibizi, arongoye umugambwe CODEBU. Ku bwiwe, ingaruka z’intambara iri hagati y’igihugu ca Ukraine n’Uburusiya hamwe n’ihindagurika ry’ibihe ni vyo biriko birakora ku bihugu vyinshi vyo kw’isi. Ariko rero ingaruka si zimwe kubera bimwe mu bihugu bica bigerageza kugira abanyagihugu bavyo ntibasinzikare.