Umugambwe FPR-Inkotanyi uri ku butegetsi mu gihugu c’Urwanda, warahimbaje imyaka 35 umaze uvutse, hari ku wa 02 Ndamukiza. Kakaba kabaye akaryo kuri uwo mugambwe ko gutora abagiye kuwurongora bashasha ku rwego rw’igihugu. Umugambwe CNDD-FDD wo mu Burundi ukaba wari watumiwe muri ivyo birori. Cyriaque Nshimirimana, icegera c’umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD yari arongoye izo ntumwa, agashima iterambere umugambwe FPR washikanye ku banyagihugu n’igihugu biciye mu mutekano urangwa mu Rwanda. Ku bwiwe, Urwanda rukwiye kubera akarorero ibindi bihugu biri muri kano karere.
Amakuru
3 avril 2023