Ururimi rw’igifaransa rusa n’ururiko rurazimangana mu Burundi bivuye kw’itunganywa ribi ry’inyigisho. Ku rundi ruhande, bigaterwa n’uko bamwe mu bategetsi b’Uburundi rubagora bakarondera kuruzimanganya. Ivyo ni ibivugwa na Libérat Ntibashirakandi, akwirikiranira hafi ikibazo c’indero mu Burundi, kuri uyu munsi mpuzamakungu wahariwe ururimi rw’igifaransa usanzwe uhimbazwa ku wa 20 Ntwarante uko umwaka utashe. Abona ko bisigaye biteye isoni ukuntu abaserukira Uburundi mu bihugu bimwe bimwe bavuga urwo rurimi mu buryo bucafuza isura y’Uburundi. Agasaba abategetsi b’Uburundi kudashira inyungu za bamwe imbere bakibagira ineza y’igihugu mu guha akazi abadashobora kuvuga urwo rurimi ari na bo bariko barondera kurwimbira icobo.
Amakuru
20 mars 2023