Amakuru
20 mars 2023

Ikoreshwa ku rugero ruto rw’amafaranga Ibanki y’isi yose yageneye Uburundi rihagarika iterambere

Amafranga Ibanki y’Isi yose yageneye Uburundi ntakoreshwa ku rugero ruhagije kubera usanga bamwe mu bakozi bakoresha ayo mafaranga badafise ubumenyi buhagije. Vyavugiwe mu nama yahuje umushikiranganji w’Ikigega ca leta, abaserukira ibanki y’isi hamwe n’abakozi bo mu bushikiranganji butandukanye bakora mu migambi ikoresha amafaranga y’Ibanki y’isi yose. Audace Niyonzima, umushikiranganji w’Ikigega ca leta, arahumuriza ariko ko ayo mafaranga atazosubizwa inyuma.