Amakuru
10 mars 2023

Hategerezwa gushirwaho politike yotuma Abarundi bose biyumva ko bafise ijambo mu ntwaro

Leta itegerezwa guhindura ingendo igahagarika kuvangura abana b’Uburundi. Ako ni akagohe ka Agathon Rwasa. Umukuru w’umugambwe CNL yabivuze ku munsi wa kabiri mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, aho yatangaza ko uwo mugambwe uzohimbaza isabukuru rigira kane kw’itariki 12 Ntwarante. Agathon Rwasa agasaba gushinga politike ituma Abarundi bose biyumva ko ari abana b’igihugu.