Nta ntwaro ibereye ishoboka bidaciye mu muco mu vyo kwerekana amafaranga igihugu gikoresha buri mwaka. Vyashikirijwe na Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe ryishinze gukangurira Abarundi guhindura ingendo (PARCEM). Hari igihe PARCEM yatanguza icese kuri uyu wa kabiri itariki 7 Ntwarante umugambi uzofasha gutahuza Abarundi akamaro ko kumenya ingene leta ikoresha amafaranga no kuvyikurikiranira. Akemeza ko ugukurikirana uko leta ikoresha amafaranga bihera ku ngendo yo kwerekana amatungo umutegetsi afise acinjira mu mabanga.
Amakuru
9 mars 2023