Umugambwe CNL uheruka kwemererwa kugira isabukuru ryawo rya kane kw’itariki 12 Ntwarante. Aho ni inyuma y’uko umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu aburije uwo mugambwe gukora ivyo birori itariki 19 Ruhuhuma, ku mvo z’amatati yibonekeje muri CNL. Agathon Rwasa awurongoye akaba yaciye atanga ikiganiro ku bamenyeshamakuru ku munsi wa mbere ino ndwi. Mu vyo yashikirije, hakabamwo guhamagarira umukuru w’Igihugu gushira mu ngiro amajambo yama yavuze.
Amakuru
7 mars 2023
