Amakuru
2 février 2021

Amajambo yashikirijwe na Evariste Ndayishimiye avuga ku kibazo c’igisata c’indero si amajambo abereye umukuru w’igihugu

Amajambo yashikirijwe na Evariste Ndayishimiye avuga ku kibazo c’igisata c’indero si amajambo abereye umukuru w’igihugu mu gihe asa n’uwidoga ata ntumbero n’imwe y’umuti avugamwo. Ivyo nivyo bitangaza Libérat Ntibashirakandi, akwirikiranira hafi ibibazo vy’indero mu Burundi. Ku bwiwe, ikibazo nyamukuru muri ico gisata ni uko gitwarwa hakwirikijwe umurongo w’umugambwe uri ku butegetsi mu gihe hategerezwa kwisungwa politike ijanye n’indero. Asaba ko hofatwa ingingo zose zotuma ico gisata citabwaho.