Amakuru
22 février 2023

Imirwi yose yashinzwe ngo ikurikirane ikibazo co muri Congo igiye guhurira i Bujumbura

Ikibazo co muri Congo kiri mu vyavuzwe cane mu nama iheruka y’abakuru b’Ibihugu vya Afrika i Addis-Abeba. EAC, umukuru w’Igihugu akaba anarongoye EAC, yavuze ko inama yakozwe kuri ico kibazo yatumye batahura igituma ibintu bidakemuka. Akavuga ko abandi bakuru b’ibihugu baciye bamushinga guhuza vyihuta i Bujumbura imirwi yose yashizweho kugira ifashe gukurikirana ishirwa mu ngiro ry’ingingo zitandukanye kuri ico kibazo. Yabivugiye ku munsi wa mbere ku kibuga c’indege i Bujumbura imbere y’abamenyeshamakuru, igihe yari atahutse avuye muri Ethiopie.