Amakuru
21 février 2023

Pasiporo zizotangwa iyi ndwi, bivugwa n’umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu

Nta wuzosubira kurondera igitabo c’inzira ngo akibure. Pasiporo zigiye gusubira gutangwa guhera muri ino ndwi. Bimenyeshwa n’umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru mu mpera z’indwi iheze, Martin Niteretse yavuze ko iruhande y’amapasiporo asanzwe ahari, hari ikindi gitigiri kinini cazo catumweko, kugira ntihazosubire kwibonekeza ikena ryazo.