Amakuru
14 février 2023

Umukuru w’Igihugu ca Congo ni we afise inyishu y’ikibazo c’umutekano muke urangwa mu gihugu arongoye

Umukuru w’Igihugu ca Congo yategerezwa gukurikiza ku murongo ibiri mu vyegeranyo vy’inama z’abakuru b’ibihugu bo muri Afrika y’ubuseruko, kugira ikibazo c’umutekano muke kirangwa muri Congo gitorerwe umuti. Ni umwihwezo wa Albert Rudatsimburwa, umumenyeshamakuru w’Umunyarwanda akurikiranira hafi indyane ziri muri Congo. Ku bwiwe, iyo ngingo irihutirwa kugira umukuru w’Igihugu ca Congo ashobore gukingira abanyagihugu atwara, badasiba gusiga ubuzima mu ntambara ziri hagati ya FARDC n’umuhari M23.