Amakuru
9 février 2023

Abagwizatunga bato bato bagiye gushigikirwa n’ikigo ADB gishinzwe iterambere mu Burundi

Abagwizatunga bato bato bagiye gushigikirwa mu gukarihirizwa ubwenge. Vyamenyeshejwe na Didace Ngendakumana, arongoye ikigo gishinzwe iterambere ry’Uburundi, ADB. Hari mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 06 Ruhuhuma. Ikindi abo bagwizatunga bagiye gufashwa ngo ni ukubaronderera amasoko y’umwimbu wabo.