Amakuru
4 février 2023

Amabi yakorewe abacitse kw’icumu mu ntambara yo mu buseruko bwa Congo, yashikirijwe Papa Francisiko

Umubonano wa Papa Francisiko n’abakozweko n’intambara yo mu buseruko bwa Republika iharanira demokarasi ya Congo waranzwe n’agahinda. Abagore bafashwe ku nguvu, abana banyurujwe, abantu baciwe ibihimba bimwe bimwe vy’umubiri bose barabwiye Papa amabi bakorewe uko yagenze. Papa Francisiko yaragerageje kubahoza no kubatahura.