Amakuru
2 février 2023

Ubumwe bw’Abarundi bwasinzikajwe gushika uno munsi n’intwaro zishingiye kw’ikumirana

Abarundi ntibari bakwiye kubandanya bagiriza abazungu babakolonije ko ari bo bababivyemwo amacakubiri. Nyabuna ahubwo bakeneye abategetsi batubakira ubutegetsi bwabo ku kuvangurana. Ni ko bibonwa n’uwurongoye urunani rwa politike rutavuga rumwe na leta, CFOR-Arusha. Ku bwa Frédéric Bamvuginyumvira, ubumwe bw’Abarundi bukwiye kubandanya bushigikirwa hisunzwe intwaro rusangi, hakirindwa ivangurana rihagaze ku bwoko, politike n’intara.