Amakuru
31 janvier 2023

Gusubiza abana bo mw’ibarabara mu ngo zabo, bisaba ko haba abapolisi bajejwe ico gikorwa

Harakenewe abapolisi ata kindi bazokora atari ugufasha gusubiza abana bo mw’ibarabara mu miryango yabo. Ico ni kimwe mu vyotuma uwo mugambi ushoboka. Bisabwa na Pontien Hatungimana, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bwo Gufatana mu nda.