Intwaro ya CNDD-FDD ivuga kurwanya igiturire mu majambo ariko ari yo igisasira indava. Bivugwa na Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urunani CFOR-Arusha. Abivuze inyuma y’aho kuri uyu wa mbere umushikiranganji w’Amagara y’abantu, Dr Sylvie Nzeyimana, amenyesheje ko mu kiringo c’amezi atatu amafaranga yanyurujwe hirya no hino mu mavuriro arenga imiliyoni 39. Bamvunginyumvira avuga ko umushikiranganji w’Amagara y’abantu ivyo kurwanya igiturire mu bushikiranganji arongoye ata vyo yoshobora kuko ubutegetsi arimwo bwubakiye ku giturire.
Amakuru
31 janvier 2023