Amakuru
27 janvier 2023

Ubumenyi butangwa mu mashure ntibugira akanovera kubera ata nteguro yari ikenewe iba muri ico gisata

Inyigisho zitangwa mu mashure zari zikwiye kuba iz’akanovera zitanga ubuhinga n’ubumenyi bufasha urwaruka kugira kazoza keza. Bivugwa na Eulalie Nibizi, aharanira agateka ka zina muntu akanakwirikiranira hafi igisata c’indero. Abivuze mu gihe kw’igenekerezo rya 24 Nzero amakungu yari aramutse ahimbaza umunsi wahariwe indero. Eulalie Nibizi avuga ko ari kubera cane cane inyigisho zitunganywa nabi, abahinga ntibahabwe ijambo mu kuzitegura.