Amakuru
25 janvier 2023

Umukuru w’Igihugu akwiye kureka inzego zirwanya ba kaboko zigakora akazi kazo

Umukuru w’Igihugu nta burenganzira na buto afise bwo guca impande y’amategeko ajejwe gukurikirana abasahuye leta. Bishikirizwa na Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM rikangurira Abarundi guhindura ingendo. Ku bwiwe, ngo Evariste Ndayishimiye akwiye kureka nyabuna inzego zibijejwe zigakora amatohoza ahagije, abo basahuye bakubitwe intahe mu gahanga.