Ubutunzi bw’igihugu ntibuhuye n’ingingo ziheruka gufatwa n’ibanki nkuru y’igihugu ku bijanye no kutarenza amafaranga akurwa canke ashirwa kuri compte. Ishirahamwe ryishinze gukangurira Abarundi guhindura ingendo rirerekana bimwe mu ntambamyi ziri mw’ishirwa mu ngiro ry’iyo ngingo, ni nka internet itari nziza, n’ibikorwa vy’ubutunzi bidaciye mu mategeko ku rugero rurenga 70%. Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM, abona ko iyo ngingo yategerezwa kubanza kumenyeshwa abantu kugira bayitegurire. Ariko akaba ashigikira ko hafatwa ingingo zo kurwanya abanyuruza amafaranga, canke bakora ubundi busuma ubwo ari bwo bwose. Akaba abivuze inyuma y’aho umukuru wa BRB yashikirije ingingo nshasha zigabanya amafaranga akurwa ku bubiko bw’umuntu atarenza imiliyoni 15, n’ayo ayo kubika atarenza imiliyoni 20.
Amakuru
16 janvier 2023