Umushikiranganji w’Inyubako ntiyari akwiye gusambura amazu y’abanyagihugu bo ku Buterere, mu gihe badafise ahandi baca bashira imiryango yabo. Uwurongoye urunani CFOR-Arusha yibutsa ko mu mico y’ikirundi uburaro ari co kintu umuntu wese ategerezwa kuba afise kugira ashobore kubona ubuzima. Frédéric Bamvuginyumvira akaba abishikirije inyuma y’aho umushikiranganji w’Inyubako, Dieudonné Dukundane, atangiye itegeko kuri uyu wa mbere uheze igenekerezo rya 9 Nzero, ko amazu yose yubatswe mu bibanza vyatanzwe ariko vyegukira ikibanza gitabwamwo umwavu, abomorwa.
Amakuru
12 janvier 2023