Amakuru
11 janvier 2023

Abarundi baja kurondera akazi mu gihugu ca Arabie Saoudite bazohora bagenda biciye mu mategeko

Abarundi bashaka kuja gukorera mu gihugu ca Arabiya Saoudite bazohora bagenda bizwi n’ubushikiranganji bw’Imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu. Bivugwa na Patrick Gacukuzi, arongoye ishirahamwe Kora Recruitement company riri mu yahawe uruhusha na leta rwo kuzohora ritwara abo bakozi. Patrick Gacukuzi amenyesha ko ubu umukozi wese azohora ava mu Burundi azi akazi agiye gukora n’umushahara azohembwa. Amategeko azobagenga akazoba ari amategeko mpuzamakungu agenga abakozi.