Amakuru
27 décembre 2022

Ukunganisha imishahara kwotuma urwaruka rusubira guhurumbira inzego z’umutekano

Ugukwirikiza umugambi wo kunganisha imishahara mu nzego z’umutekano kwotuma urwaruka rusubira kwijukira kwinjira muri izo nzego. Umukuru w’Igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye akaba ahamagarira abajejwe gutunganya intwaro kwisunga amashure y’ubuhinga abakora muri izo nzego baba bakwirikiye mu kumenya umushahara boronswa. Ivyo umukuru w’Igihugu akaba yabishikirije ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 23 Kigarama, igihe yariko aripfuriza umwaka mushasha izo nzego. Akaba yabishikirije kandi amaze kubona ko urwaruka rutagihurumbira izo nzego z’umutekano.