Amakuru
23 décembre 2022

Ibibazo ni vyinshi ku majambo ya Ndayishimiye ko amafaranga yibwe ariko aragarurwa

Amajambo ya Evariste Ndayishimiye atuma umuntu yibaza ibibazo vyinshi, uhereye kumenya abo banyonyezi abo ari bo. Ku bwa Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urunani CFOR-Arusha, umukuru w’Igihugu avuga ibintu agakora ibihushane vyavyo. Frédéric Bamvuginyumvira avuga ko intererano zitangwa n’abantu mu bikorwa bitandukanye, na vyo nyene ari uburyo mu bundi bw’ibiturire.