Amakuru
16 décembre 2022

Igihugu ca Congo kiri mu kaga : abantu barenga imiliyoni 6 barapfuye bishwe mu myaka 25

Ibibazo biri muri Republika iharanira demokarasi ya Congo ni ibibazo bikomeye cane. Ni yo ntureka ya mbere ku rwego mpuzamakungu idahabwa agaciro. Bivugwa na Denis Mukwege, yahawe agashimwe k’amahoro (Prix Nobel de la paix). Ivyo akaba abivuga mu gihe haheze indwi zibiri habaye ubwicanyi bwabereye mu buseruko bwa Congo bugahitana abanyagihugu 131. Kuri Denis Mukwege, igihugu ca Congo kimaze imyaka 25 kiri mu kaga, aho abantu barenga imiliyoni 6 bapfuye bazira ibibazo vy’ubukene, inzara bidasanzwe hamwe n’ikibazo c’umutekano. Hari mu kiganiro yagiranye n’imboneshakure France 24.