Amakuru
8 décembre 2022

Abanyamwema barakeneye guserukirwa kugira agateka kabo gakingirwe

Abanyamwema baranegura ko badaserukiwe mu nzego zifata ingingo. Kuri bo, ngo ni yo mvo nyamukuru ituma badakingirwa. Anaclet Bangirinama, arongoye ishirahamwe ry’Abanyamwema batagira imbibe, avuga ko Abanyamwema mu Burundi bahura n’ibibazo vyinshi, uhereye mu miryango yabo. Yabimenyesheje mu bikorwa vyatunganijwe n’umurwi w’igihugu CNIDH ku burenganzira bw’Abanyamwema.