Amakuru
5 décembre 2022

Si abanyagihugu batanga amakuru ku mukuru w’Igihugu mu kibanza c’inzego zibijejwe

Umunyagihugu si we akwiye kubazwa ibijanye n’ubunyonyezi bw’amatungo y’igihugu kuko hariho ibisata bibijejwe kandi ari na co bihemberwa. Ivyo bivugwa na Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe rikangurira Abarundi guhindura ingendo (PARCEM). Faustin Ndikumana akavuga ko ubwo bunyonyezi n’icukurwa ry’ubutare muri komine Kabarore vyabaye mu gihe hariho inzego z’umutekeno, abajejwe intwaro ndetse n’igisata kijejwe gutanga impusha zo gucukura ubutare mu gihugu. Abo ni bo bakwiye kubazwa ingene vyagenze. Ishirahamwe PARCEM rikaba ribivuze inyuma y’ivyashikirijwe n’umukuru w’Igihugu mu ntara ya Kayanza ku munsi wa gatandatu uheze.