Amakuru
21 novembre 2022

Umukuru w’Igihugu c’Ubufaransa arashima ubutwari bw’umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye

Umukuru w’Igihugu c’Ubufaransa arashima ubutwari bw’umukuru w’Igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye mu vyo ariko arakora mu gihugu no mu karere. Emmanuel Macron akaba yabivuze inyuma y’umubonano yagiranye kuri uyu w’Imana n’umukuru w’Igihugu c’Uburundi i Tunis. Ivyo biganiro bikaba vyari bishingiye ku gufashanya hagati y’ivyo bihugu bibiri hamwe n’umutekano muke urangwa muri Congo. Umukuru w’Igihugu c’Ubufaransa akaba yiyemeje kubandanya ashigikira Uburundi mu bijanye n’iterambere.