Uburundi buracari inyuma mu bijanye n’uburyo hamwe n’ubuhinga bwo gucungera ko ibihingurirwa mu gihugu eka n’ibindi bidandazwa bikurikije amategeko. Ivyo ni ivyashikirijwe kuri uyu wa gatatu n’umuyobozi mukuru w’ikigo kijejwe gucungera ko ibidandazwa bikwirikije amategeko, BBN. Akaba yabishikirije igihe Uburundi bwahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe gukwirikirana ibidandazwa ko bikwije ibisabwa, umunsi usanzwe uhimbazwa ku wa 10 Gitugutu. Sévérin Sindayikengera, umuyobozi mukuru w’ico kigo, avuga ariko ko bariko barinanata kugira bashikire ibindi bihugu vyaba ivyo mu karere canke ahandi bigeze ku ntambwe ishimishije. Ariko rero, ivyo bikazokunda babanje gutorera umuti ibibazo bimwe bimwe, harimwo ico kuronka abakozi bakwiye babifitiye ubumenyi.
Amakuru
17 novembre 2022