Ku wa 14 Munyonyo uko umwaka utashe, amakungu arahimbaza umunsi wahariwe kurwanya indwara y’igisukari. Mu Burundi, abantu barenga ibihumbi 200 bagendana indwara y’igisukari ku bw’urunani mpuzamakungu rw’abagendana iyo ndwara. Mw’ikete urwo runani rwarungikiye umushikiranganji w’Amagara y’abantu, Jérôme Kazabukeye, umunywanyi wa Blue Circle Voice, isekeza ry’urunani mpuzamakungu rw’abagendana indwara y’igisukari, amusaba kuronsa inyigisho zikwiye abakora mu gisata co kuvura co kimwe n’abagendana iyo ndwara kugira ibitigiri vy’abo ihitana bigabanuke maze n’amagara y’abayigendana yisununure.
Amakuru
14 novembre 2022
