Amakuru
9 novembre 2022

Hategerezwa kubanza kujaho imirwi y’abahinga b’ibisata vyose kugira ubutunzi bunaguke

Ubutunzi bw’igihugu burashobora kunaguka. Ariko rero kugira ngo bishoboke, hari ivya nkenerwa leta itegerezwa gutangura gukora. Ivyo vyemezwa n’ishirahamwe PARCEM rihamagarira Abarundi guhindura ingendo, rikaba riheruka gushikiriza ubutegetsi ivyokorwa kugira ngo bije mu ngiro. Uwurongoye PARCEM ku rwego rw’igihugu, Faustin Ndikumana, akavuga ko leta itegerezwa gushinga imirwi y’abahinga b’ibisata vyose. Akaba yabivuze kuri uno wa gatatu mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru.