Abakuru b’ibihugu vy’Uburundi n’Urwanda barabonanye imbona nkubone ku munsi wa mbere. Bukaba bwari ubwa mbere bahura. Hari mu nama y’abakuru b’ibihugu vya EAC yatumweko na Evariste Ndayishimiye i Sharm el-Sheikh mu Misiri, hariko habera inama y’abakuru b’ibihugu n’amaleta kw’isi, aho bariko biga ikibazo c’ihindagurika ry’ibihe. Iyo nama rero ikaba yari iyo kuvugana cane cane ikibazo c’umutekano muri Congo.
Amakuru
9 novembre 2022