Ikurwa ry’uwari arongoye ikigo kijejwe kwegeranya no kubika umwimbu mu gihugu, ANAGESSA, ni ikintu ciza. Ariko rero birakenewe ko hakorwa amatohoza yimbitse kugira hamenyekane neza abantu bafise uruhara mu gufata nabi ubwo bubiko. Ivyo bivugwa na Faustin Ndikumana, umuhinga mu vy’ubutunzi akaba anarongoye ishirahamwe PARCEM rikangurira Abarundi guhindura ingendo. Akabona ko leta yategerezwa kudashinga ibigo nk’ivyo idashobora gukurikirana.
Agriculture
1 novembre 2022