Amakuru
20 octobre 2022

Abakenyezi barahimirizwa ku burenganzira bwabo n’amategeko abagenga

Ukwigisha n’uguhimiriza umukenyezi ku gateka kiwe n’ico amategeko amwemerera, biciye mu biganiro bica ku ma radiyo, ni kimwe mu bikorwa bizorangurwa n’umugambi Women’s rights awareness and protection (WRAP). Uwo mugambi ukaba watangujwe icese kuri uyu wa gatatu muri kaminuza y’Uburundi. Umwigisha muri kaminuza Pacifique Niyonizigiye, arongoye uwo mugambi mu Burundi, akavuga ko hazonashirwaho ikigo c’ubushakashatsi kijejwe kwiga no kunonosora amategeko akingira umukenyezi.