Amakuru
13 octobre 2022

Umukuru w’Igihugu aramenyesha ko hari ibitaro 35 bishasha biriko birubakwa mu ma komine

Ibitaro 35 ni vyo biriko birubakwa mu ma komine kugira ngo bize gufasha mu bijanye n’amagara y’abantu. Bikaba bije kwiyongera ku bindi bitaro 35 vyubatswe mu mwaka ugeze. Ni ivyemejwe na Evariste Ndayishimiye, umukuru w’Igihugu c’Uburundi. Ni mu gihe yariko arasozera kuri uyu wa gatatu ibikorwa vy’ihuriro rigira gatatu ry’abakenyezi b’indongozi.