Amakuru
11 octobre 2022

Ni ngombwa gufasha abakobwa mu buhinga bwa none kugira baje ku rugero rumwe n’abahungu

Leta irahamagarira gushigikira abigeme kugira bisanzure mu buhinga ngurukanabumenyi ku rugero rumwe n’abahungu. Ako kamo gashikirizwa na Pontien Hatungimana, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bujejwe iterambere ridakumira. Akavuga ko ubudasa hagati y’abakobwa n’abahungu muri ico gisata buva ku mvo nyinshi, harimwo kutabigirira umugambi urashe.