Amakuru
6 octobre 2022

Umukuru w’Igihugu asaba leta yiwe kuba akarorero ngo bashikane igihugu kw’ihangiro

Abashikiranganji basabwa guhana ibigaba bagashira abanyagihugu ku kivi kugira ngo bashikane igihugu kw’ihangiro. Bisabwa n’umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye. Hari kuri uyu wa gatatu i Gitega aho hatangura umwiherero w’abagize leta y’Uburundi. Umukuru w’Igihugu yongera gusaba kandi abashikiranganji kwirinda uburyarya n’ubwiyorobetsi.