Abarundi barihebuye bigatuma batacizera ko hari urugamba rwa politike rushobora kubakiza. Bivugwa na Alexis Sinduhije, arongoye umugambwe MSD. Hari mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru inyuma y’umwiherero w’iminsi 2 w’uwo mugambwe wabaye ku magenekerezo ya 17 na 18 kuno kwezi turimwo i Buruseli. Alexis Sinduhije akavuga ko ivyo ata co bifasha kugira Uburundi buve mu ngorane burimwo, ahubwo bituma abitanga mu rugamba rwo kurwanya ubutegetsi bwa CNDD-FDD bacika inkokora.
Amakuru
21 septembre 2022