Amakuru
12 septembre 2022

Hagati y’ukwezi n’amezi atandatu, ni co kiringo cahawe abahingura ibiribwa ngo bisunge amategeko

Ihingurwa ry’ibiribwa n’ibinyobwa ngo rigiye guhagurukirwa kugira ababikora bubahirize amategeko. Ivyo vyashikirijwe n’ikigo kijejwe gusuzuma ubuziranenge bw’ibidandazwa, BBN. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa gatanu, umuyobozi mukuru w’ico kigo, Sévérin Sindayikengera, yaragabishije nk’abatekera ibidandazwa mu macupa ategekanijwe gukoreshwa rimwe, abaha ikiringo c’amezi atandatu kugira babihagarike, abakora imikate na bo bakaba bahawe ikiringo c’ukwezi kumwe gusa, kugira bakore imikate ikwije ivyangombwa. Sévérin Sindayikengera yaranasavye rero abashora imboga gukoresha amazi meza imbere yo kuzijana kw’isoko.