Ni inkuru yibonekeje cane ku mbuga ngurukanabumenyi ku munsi wa mbere. Yari amaborogo y’umuryango w’umukenyezi yitavye Imana ariko yitegurira kwibaruka. Abo muri uwo muryango bavuga ko uwo mukenyezi yapfiriye mu cumba yari yugaraniwemwo kwa muganga mu Ruziba, mu ntara ya Bujumbura, yabuze abamutabara. Izo nkuru zikaba zaciye zibeshuzwa n’ubushikiranganji bw’Amagara y’abantu, buvuga ko bwaciye burungika umurwi w’abantu, harimwo n’abaganga, kwirabira ivyabaye. Muganga Chloé Ndayikunda, umuvugizi w’ubwo bushikiranganji, yaciye ashira ahabona urwandiko rwasohowe n’ubwo bushikiranganji ku bijanye n’iyo nkuru.
Amakuru
8 septembre 2022