Amakuru
5 septembre 2022

Umukuru w’Igihugu Ndayishimiye ni yaba yemera ivyo avuga, yari akwiye gukura abamutobera

Amajambo apfobetse yo kwidoga amaze iminsi akoreshwa n’umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye hamwe n’umushikiranganji wiwe wa Mbere arerekana ko hari ukutumvikana mu vya politike kw’izo ndongozi. Bivugwa na Frederiko Bamvuginyumvira, arongoye urunani CFOR-Arusha. Ahanura umukuru w’Igihugu gusambura ako karwi gapfukamye mu nda igihugu, agashiraho inzego zoshobora gukora ku neza y’abanyagihugu. Atari uko, ngo Abarundi bazoca babona ko ivyo umukuru w’Igihugu avuga na we nyene atavyemera.