Amakuru
1 septembre 2022

Ugushikana igitoro ca REGIDESO, kiva i Gitega kija i Bujumbura, kuracari ikibazo gikomeye

Inyuma y’aho ishirahamwe REGIDESO ryinjirije ibitoro mu gihugu, n’ubu kiracari ikibazo kugira ama stasiyo ashobore kukironka. Nko mu gisagara ca Bujumbura, ku ma stasiyo 20 yo muri komine ya Mukaza, 3 yonyene ni yo yariko aratanga ibitoro kuri uyu wa gatatu, muri komine ya Muha ku ma stasiyo 17, 4 yonyene ni yo yariko arabitanga, amwe akagira essence gusa canke mazout gusa, mu gihe muri komine ya Ntahangwa, ama stasiyo 5 ari yo yariko aragitanga ku ma stasiyo 24 agize iyo komine. Bene ama stasiyo bakavuga ko ikibazo ari amafaranga yo kugikura i Gitega bagishikana i Bujumbura, bamwe bagahitamwo kutakirangura.